Sunday, 12 October 2014

intambara yo mukarere karuguru 

Kukabara ibintu bikomeje kuba bibi nyuma y'urupfu rwa Kiruhura waguye mugitero c'ababembe bagabye k
ukimanga kumunsi wejo hashize

Amakuru dukomeje kwakira aturuka kukabara aravuga yuko kuva mumasaha ya mugitondo c'uyumunsi

wiposho kugez'ubu kukabara hari Intambara hagati y'ingabo za leta n'umutwe w'ababembe wiganjemo

insoresore ufatanije na mai mai ya kutumba, iyo ntambara ikaba yaremeye kukimanga no munkengero

zaho, iyi ntambara ikaba yatangijwe n'ababembe batangiye kurasa abantu bari kumaziko ya 

nyakwigendera kiruhura watabarutse ejo nagatanu

amakuru atugeraho aravuga yuko abaturage benshi bahunze baremeye kukabara k'epfo ko kwa

muhebera, kugez'ubu izi saha kukabara koharumvikana imbunda zikomeye, kuruhande rwa leta ingabo

ziyobowe na maj Bizimana ico tubashije kumenya nuko ingabo za leta zikomeje kwiyongera kugirango

zirebe uburyo zahasha aba banzi b'amahoro n'iterambere byigihugu cacu

turakomeza tuhababere no kuyabagezaho nk'ibisanzwe

                                                                    ubwanditsi niposho kuminsi 11/10/2014 na Rushombo

No comments:

Post a Comment