Umukuru w'ikigo kijejwe gusuzuma umutekano w'indege muri Hollande, Tjibbe Joustra, yavuze ko ibimenyetso vyatowe n'abahinga vyasanze igisasu co mu bwoko bwa missile "BUK 6" giterwa mu kirere caturikiye ku metero imwe y'ikibanza umudereva yicaramwo.
Avuga ko Ukraine yari kuba yugaye ikirere cayo ku ndege zitari izo intambara, aho yamenyesheje ko hari izindi ndege zitatu zari mu micungararo.
Izo ndege zose ngo zariko zigendera mu kerere zibaza ko kirimwo umutekano igihe indege MH17 yaraswa.
Umushikiranganji wa mbere w'ubu Hollande Mark Rutte, yasavye abategetsi b'Uburusiya kuzokorohereza abazokora itohoza mu nzira yo kwerekana abo icaha cagira.
Bwana Rutte avuga ko itohoza ku vyabaye kuri iyo ndege ya Ukraine yo mu bwoko bwa Boieng 777, ryagize inkurikizi ku migenderanire hagati y'ubu Hollande n'ubu Rusiya.
Mu ntango z'uyu mwaka, abo mu ruganda rwakoze ico gisasu, Almaz-Antey, bavuze ko ubwo bwoko bwa BUK bwarashe iyo ndege ya Malaysia mu kwezi kw'indwi umwaka uheze, butagikoreshwa mu gisirikare c'Uburusiya, kandi ko buri mu birwanisho vya Ukraine.