Tuesday, 13 October 2015

MURATUMIWE ABARI KIGALI MUGITERANE CYUMURIRO

Lord's Light Fellowship(LLF) ibatumiye mu giterane cy ivugabutumwa kizaba kuva ku wa 16-18/10/2015 kuri THE MIRROR HOTEL ku gisimenti.
Amasaha: kuwa gatanu(Friday) no kuwa gatandatu(Saturday) ni ukuva saa kumi kugera saa mbili(04pm-08pm) naho ku cyumweru(Sunday) ni ukuva saa cyenda kugera saa mbili(03pm-08pm)
Tuzaba turi kumwe na Pastor SUNZU PAUL kuva (DRC)na HABYARIMANA DESIRE (ADEPR) 
Mutumire nabandi.
Kuza kwanyu ni inkunga ikomeye.
Amahoro y'Umwami abuzure.

Indege MH17 yarashwe na missile BUK 6

Umukuru w'ikigo kijejwe gusuzuma umutekano w'indege muri Hollande, Tjibbe Joustra, yavuze ko ibimenyetso vyatowe n'abahinga vyasanze igisasu co mu bwoko bwa missile "BUK 6" giterwa mu kirere caturikiye ku metero imwe y'ikibanza umudereva yicaramwo.
Avuga ko Ukraine yari kuba yugaye ikirere cayo ku ndege zitari izo intambara, aho yamenyesheje ko hari izindi ndege zitatu zari mu micungararo.
Izo ndege zose ngo zariko zigendera mu kerere zibaza ko kirimwo umutekano igihe indege MH17 yaraswa.
Umushikiranganji wa mbere w'ubu Hollande Mark Rutte, yasavye abategetsi b'Uburusiya kuzokorohereza abazokora itohoza mu nzira yo kwerekana abo icaha cagira.
Bwana Rutte avuga ko itohoza ku vyabaye kuri iyo ndege ya Ukraine yo mu bwoko bwa Boieng 777, ryagize inkurikizi ku migenderanire hagati y'ubu Hollande n'ubu Rusiya.
Mu ntango z'uyu mwaka, abo mu ruganda rwakoze ico gisasu, Almaz-Antey, bavuze ko ubwo bwoko bwa BUK bwarashe iyo ndege ya Malaysia mu kwezi kw'indwi umwaka uheze, butagikoreshwa mu gisirikare c'Uburusiya, kandi ko buri mu birwanisho vya Ukraine.

Ubwicanyi mu banya Isreal na Palestina

Abantu babiri bateye muri bisi batangura gutera ivyuma abarimwo mu buseruko bwa Yerusalemu, bicamwo babiri abandi barakomereka.
Haciye akanya gato, uwundi yafashe imodokari yiwe ayihindira mu kibanza gihagararamwo ama bisi, imbere yo gutangura gutera abantu imbugita.
Yishemwo umwe aho nyene abandi barakomereka.
Ikindi gitero cabereye hafi ya Tel Aviv, aho video yafashwe n'abahita yerekanye uwari yateye ariko arakubitwa yongera aterwa imigere n'abarengana.
Muri kuno kwezi gusa, hamaze kuba ibitero bigera kuri 12 hagati y'abanya Isreal n'abanya Palestina, aho hari icuka kibi gifatiye ku gupfa uburenganzira bwo gushika ku bibanza vyeranda. tuyikesha BBC