
Ivyo bibaye inyuma y'umunsi umwe gusa perezida Putin atangaje ko bagiye kuvayo kuko ico bashaka nyamukuru bagishitseko.
Ubushikiranganji
bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bumenyesha ko indege ziri muri Syria
ziriko zirapakirwa ibikoresho bigiye gusubizwa mu Burusiya.
Bwana
Putin yamenyesheje ko isekeza ry'ibitero vyakozwe mu ntumbero yo
gushigikira perezida Assad ryatumye ibintu bihinduka ku buryo habonetse
akaryo keza ko gutangura ibiganiro vy'amahoro.
Ibihugu vya Bulaya na Amerika ariko vyakiranye ubwitonzi ayo makuru y'Uburusiya yo kuva muri Syria.
Perezida Obama yavuganye na perezida Putin, aho yashimikiye ku kwerekana ko hakenewe ubutegetsi nfatakibanza.
Leta ya Syria irahakana ko hoba hari ico yapfuye na leta y'Uburusiya. BBC NIYO TUYIKESHA
No comments:
Post a Comment