Wednesday, 16 March 2016

Uruhigi rw'abakora iterabwoba Bruxelles

Ahatewe umukwabu hugawe
 Mu muji wa Bruxelles mu Bubirigi, abapolisi ni benshi mu kibanza carashwemwo inyuma yo kuhatera umukwabu.
Abapolisi batatu bakomeretse gatoyi, muri uwo mukwabu warondera abakora iterabwoba.
Umushikirizamanza mukuru avuga ko uwo mukwabu wari werekeye abakekwako uruhara mu bitero vyagabwe mu muji wa Paris umwaka uheze.
Ivyo bitero vyo mu kwa cumi na rimwe mu Bufaransa, vyahitanye abantu 130.
Abategetsi b'Ubufaransa bavuga ko n'abajejwe umutekano baho bari muri ico gikorwa c'umukwabu c'uyu munsi.
Ababibonye bavuga ko iruhande y'inyubakwa yateweko uwo mukwabu, haciye hacungerwa ubu atawurengana.
Kajugujugu y'igipolisi niyo ihazunguruka, bikavugwa ko hari abantu babiri bariko barahigwa, ubu bihishe.bbc niho ikomoka.

Afurika y’Epfo yatsinzwe urubanza rwo kudata muri yombi Perezida Bashir


Guverinoma ya Afurika y’Epfo yatsinzwe urubanza yarezwemo n’Imiryango iharanira uburenganzira bwa muntu, ishinjwa kunanirwa gukurikiza amategeko ngo ite muri yombi Perezida wa Sudan Omar al-Bashir, ubwo yitabiraga inama y’Abakuru b’Ibihugu bya Afurika yabereye mu mujyi wa Johannesburg, muri Kamena umwaka ushize.
Perezida Bashir w’imyaka 72,ushakishwa n’ Urukiko mpuzamahanga mpanabyaha (ICC) akekwaho ibyaha byibasiye inyokomuntu, itsembatsemba, ibyaha by’intambara n’ibyaha bya Jenoside.
Perezida Bashir yashyiriweho impapuro zo kumuta muri yombi kuwa 4 Werurwe 2009.
Urukiko rukuru rwari rwaremeje ko guverinoma ya Afurika y’Epfo yagombaga kumufata, ariko iza kujuririra Urukiko rw’ Ikirenga rw’Ubujurire, ivuga ko Bashir yari afite ubudahangarwa nk’Umukuru w’Igihugu.
Umuyobozi w’ikigo giharanira uburenganzira bwa muntu n’ikurikizwa ry’amategeko muri Afurika y’Epfo, Kaajal Ramjathan-Keogh yabwiye BBC ko bashimishijwe n’umwanzuro w’urukiko, ngo kuko Afurika y’Epfo itagomba kuba ubuhungiro bw’abanyabyaha.
Ati “Guverinoma ya Afurika y’Epfo ikwiye kubahiriza amategeko aho gukingira ikibaba abakurikiranyweho ibyaha by’intambara, kandi urukiko rwabigaragaje uyu munsi.”
Nyuma yo kwanga guta muri yombi Bashir, bimwe mu bihugu bya Afurika byashimye icyo cyemezo, ndetse byongera gushimangira umugambi wabyo wo kwivana mu masezerano ashyiraho ICC, bakunze gushinja kwibasira abayobozi bo muri Afurika gusa.