Monday, 21 December 2015

INTEKO Y'UBURUNDI YANZE INGABO Z' AFRICA YUZUBUMWE

http://ichef.bbci.co.uk/news/ws/624/amz/worldservice/live/assets/images/2014/12/03/141203163534_burundi_parliament_512x288_bbc_nocredit.jpg
  Mu nama nshingamateka na nkenguzamateka bazindutse biga ikibazo cirungikwa ry’abasirikare 5,000 mu Burundi, bo gukinga ko hoba genocide.
kumanaUmukuru w’inama nshingamateka, Pascal Nyabenda, yatanguje iyo nama yiyamiriza abantu bamwe bamwe, harimwo n’abanyamahanga ngo bihaye uburenganzira bwo kuza baravugira abarundi.
Avuga ko abafise ubwo burenganzira ari abashingamateka gusa.
Abashingamateka baganiriye ku bibazo bitatu:
-ico kumenya nimba mu Burundi ubu hariko haraba genocide,
-iriko igirwa na bande'
-n’uko muri kino gihe genocide ishoboka mu Burundi

Abashingamateka bashikirije ico bibaza kw’irungikwa ry’inteko mpuzamakungu mu Burundi, n’ico ababaserukira babatumye kuri ico kibazo. Reta ivuga ko ku mitumba 2913, amakaritye 5 gusa ari yo afise umutekano muke.
“ N’aho hoba umutumba umwe uhungabanye, birababaje kuko nta muntu yari akwiye gupfa, reta itegerezwa gukora ibishoboka vyose mu gukingira abanyagihugu,” ivyo bikaba bishikirijwe na Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka.
“ Ihonyabwoko mu Burundi ntirishoboka, hariko haraba ubwicanyi ariko bukorwa n’abanyepolitike bamwe bamwe, ijambo ihonyabwoko ni bo baryubatse, ” Everyne Butoyi yatowe muri Bujumbura Rural.
N'ubwo benshi mu nama nshingamteka bemeza ko izo ngabo zidakenewe mu Burundi, abatavuga rumwe na leta y'i Bujumbura bo siko babibona.
Umukuru w'umugambwe Sahwanya Frodebu Leonce Ngendakumana, yemeza ko ari ibigaragara ko inzego zijejwe gucungera umutekano zananiwe.
Yagarutse kw'ikete ryandikiwe ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryavuga ku myiteguro yo guhonya abo bose avuga ko batavuga rumwe na leta, aho ngo hari mu kwezi kwa kane umwaka uheze.
Muri Iryo kete Leonce Ngendakuman avuga ko ryagabisha amakungu kw' itegurwa ryo guhonyanga amasezerano ya Arusha no guha ibirwanisho imbonekure, aho ngo bagabisha amakungu ko bibandanije hashobora kwaduka intambara.
Hari n’abashikirije ko uko gukorana kw’inama nshingamateka na nkenguzamateka bidakurikije amategeko, abandi basaba ko reta yokwumviriza abafise akababakiye bose kugira ubwcanyi buhagarare.
Mu ndwi iheze, akanama kajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bya Afrika UA, kemeje kurungika abasirikare 5,000 mu Burundi, gukinga ko hoba genocide.