Babishishije ku rubuga rwa internet, mu biro vy'umukuru w 'igihugu bamenyesha ko General Alain Guillaume Bunyoni yahora ari umuyobozi mw 'ishikiira mu biro vy' umukuru w igihugu chef de cabinet civil asubirijwe muri ayo mabanga na Anatole Manirikazza , umu civil yarasanzwe arongoye ishirahamwe SOBUGEA ,rijejwe iyunguruza ry'abantu n'ibintu ku kibuga c indege ca Bujumbura.
Alain Guillaume Bunyoni imbere yaho, yarigeze no kuba umushikiranganji w umutekano mu gihugu. ubu yaciye agenwa kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru ijejwe umutekano.
Lt general major Adolphe nshimirimana nawe yaramaze imyaka 9 arongoye urwego rw iperereza yasubirijwe na General Godefroid Niyombare , yaserukira uburundi mu gihugu ca Kenya akaba yarigeze no kuba umukuru w'ibiro vya gisirikare.. uwo yahora arongoye urwego rw ipereza yagenywe nk'umwe mubajejwe ingendo z'umukuru w'igihugu.
abandi baahinduwe ni i general major Guillaume Nabindika , yahora ari umuyobozi mw 'ishikira ajejwe ibibazo vy'igipolisi mu buro vy'umukuru w'igihugu, yasubirijwe na general major Gervais ndirakobuca batazira ndakugarika yahora ari umuyobozi mw ishikira mu biro vy'iperereza.
uwundi ni general major Evariste Ndayishimiye yari umuhanuzi mw ishikira mu vya gisirikare mu biro vy'umukuru w igihugu , yahoze ari n'umushikiranganji w intwaro yo hagati mu gihugu yagenywe kurongora ikigo gitegekaniriza abakozi INSS, acasubirizwa na general de brigade Miburo Emmanuel, yahora ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi.
aba basirikare bo mu rwego rwo hejuru mu vy'umutekano basubirijwe , bivugwako aribo bari bahanuzwa jambo b'umukuru w igihugu petero Nkurunziza, hamwe no mu mugabwe uri ku butegetsi CNDD FDD.
Naho biri uko ariko mu biro vy'umukuru w 'igihugu nta mvo batanze y'iryo hindagurika. tuyi kesha bbc
No comments:
Post a Comment