Wednesday, 16 March 2016

Uruhigi rw'abakora iterabwoba Bruxelles

Ahatewe umukwabu hugawe
 Mu muji wa Bruxelles mu Bubirigi, abapolisi ni benshi mu kibanza carashwemwo inyuma yo kuhatera umukwabu.
Abapolisi batatu bakomeretse gatoyi, muri uwo mukwabu warondera abakora iterabwoba.
Umushikirizamanza mukuru avuga ko uwo mukwabu wari werekeye abakekwako uruhara mu bitero vyagabwe mu muji wa Paris umwaka uheze.
Ivyo bitero vyo mu kwa cumi na rimwe mu Bufaransa, vyahitanye abantu 130.
Abategetsi b'Ubufaransa bavuga ko n'abajejwe umutekano baho bari muri ico gikorwa c'umukwabu c'uyu munsi.
Ababibonye bavuga ko iruhande y'inyubakwa yateweko uwo mukwabu, haciye hacungerwa ubu atawurengana.
Kajugujugu y'igipolisi niyo ihazunguruka, bikavugwa ko hari abantu babiri bariko barahigwa, ubu bihishe.bbc niho ikomoka.

Afurika y’Epfo yatsinzwe urubanza rwo kudata muri yombi Perezida Bashir


Guverinoma ya Afurika y’Epfo yatsinzwe urubanza yarezwemo n’Imiryango iharanira uburenganzira bwa muntu, ishinjwa kunanirwa gukurikiza amategeko ngo ite muri yombi Perezida wa Sudan Omar al-Bashir, ubwo yitabiraga inama y’Abakuru b’Ibihugu bya Afurika yabereye mu mujyi wa Johannesburg, muri Kamena umwaka ushize.
Perezida Bashir w’imyaka 72,ushakishwa n’ Urukiko mpuzamahanga mpanabyaha (ICC) akekwaho ibyaha byibasiye inyokomuntu, itsembatsemba, ibyaha by’intambara n’ibyaha bya Jenoside.
Perezida Bashir yashyiriweho impapuro zo kumuta muri yombi kuwa 4 Werurwe 2009.
Urukiko rukuru rwari rwaremeje ko guverinoma ya Afurika y’Epfo yagombaga kumufata, ariko iza kujuririra Urukiko rw’ Ikirenga rw’Ubujurire, ivuga ko Bashir yari afite ubudahangarwa nk’Umukuru w’Igihugu.
Umuyobozi w’ikigo giharanira uburenganzira bwa muntu n’ikurikizwa ry’amategeko muri Afurika y’Epfo, Kaajal Ramjathan-Keogh yabwiye BBC ko bashimishijwe n’umwanzuro w’urukiko, ngo kuko Afurika y’Epfo itagomba kuba ubuhungiro bw’abanyabyaha.
Ati “Guverinoma ya Afurika y’Epfo ikwiye kubahiriza amategeko aho gukingira ikibaba abakurikiranyweho ibyaha by’intambara, kandi urukiko rwabigaragaje uyu munsi.”
Nyuma yo kwanga guta muri yombi Bashir, bimwe mu bihugu bya Afurika byashimye icyo cyemezo, ndetse byongera gushimangira umugambi wabyo wo kwivana mu masezerano ashyiraho ICC, bakunze gushinja kwibasira abayobozi bo muri Afurika gusa.

Tuesday, 15 March 2016

UBURUSIYA KUVA MURI SIRIYA


 

Ivyo bibaye inyuma y'umunsi umwe gusa perezida Putin atangaje ko bagiye kuvayo kuko ico bashaka nyamukuru bagishitseko.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bumenyesha ko indege ziri muri Syria ziriko zirapakirwa ibikoresho bigiye gusubizwa mu Burusiya.
Bwana Putin yamenyesheje ko isekeza ry'ibitero vyakozwe mu ntumbero yo gushigikira perezida Assad ryatumye ibintu bihinduka ku buryo habonetse akaryo keza ko gutangura ibiganiro vy'amahoro.
Ibihugu vya Bulaya na Amerika ariko vyakiranye ubwitonzi ayo makuru y'Uburusiya yo kuva muri Syria.
Perezida Obama yavuganye na perezida Putin, aho yashimikiye ku kwerekana ko hakenewe ubutegetsi nfatakibanza.
Leta ya Syria irahakana ko hoba hari ico yapfuye na leta y'Uburusiya. BBC NIYO TUYIKESHA

Friday, 4 March 2016

welby UMUKURU WA ANGLICAN ATI impungege kumahoro nibita.

Image result for Welby Image
 
Inyuma y’umubonano na
Prezida Pierre Nkurunziza mu rugendo arimwo mu Burundi, musenyeri mukuru wa Anglican Justin Welby yavuze ko hari icizere kinini, ariko ko hari n’amakenga y’aho ibintu bishobora gushika.
Welby yavuze ko Prezida Nkurunziza yemera ko iki cari igihe co gusubiza hamwe.
Uwo musenyeri yavuze kandi ko inama yari iyo ubutumwa bwiza gusumba politike.
Abantu barahagaristwe umutima n’ibiriko biraba.
“Ibintu vyifashe nabi. Abantu barababaye cane” , uko ni ko musenyeri Justin Welby yavuze.
“Twoba turiko turagana mu ntambara canke n’igihe co kwikubita agashi?” uko ni ko yibajije.
“Hariho icizere gikomeye ariko kandi hari ubwoba bw’iyo bishobora gushika.”