Abantu babiri bateye muri bisi batangura gutera ivyuma abarimwo mu buseruko bwa Yerusalemu, bicamwo babiri abandi barakomereka.
Haciye akanya gato, uwundi yafashe imodokari yiwe ayihindira mu kibanza gihagararamwo ama bisi, imbere yo gutangura gutera abantu imbugita.
Yishemwo umwe aho nyene abandi barakomereka.
Ikindi gitero cabereye hafi ya Tel Aviv, aho video yafashwe n'abahita yerekanye uwari yateye ariko arakubitwa yongera aterwa imigere n'abarengana.
Muri kuno kwezi gusa, hamaze kuba ibitero bigera kuri 12 hagati y'abanya Isreal n'abanya Palestina, aho hari icuka kibi gifatiye ku gupfa uburenganzira bwo gushika ku bibanza vyeranda. tuyikesha BBC
No comments:
Post a Comment