Thursday, 26 November 2015

Papa yahimirije Kenya kuganira hagati y'amadini

Papa Francis yabonanye n'abarongozi b'amadini ya Islam n'ay'Abakristu muri Kenya mu rugendo rwa mbere agize muri Afrika.
Muri uwo mubonano, Papa yavuze ko ibiganiro hagati y'amadini atandukanye bigoye ngo ariko ni ivya nkenerwa.
Afatiye ku bitero vyahitanye benshi vyagabwe n'abarwanyi ba ki Islam kw'isoko rya kijambere rya Westgate na kaminuza ya Garrisa, yavuze ko izina ry'Imana ritagomga gukoreshwa mu mvo z'ubwicanyi.
Hagati aho hariko haraba inkuka y'imisa isomwa na Papa Francis kuri kaminuza ya Nairobi.
Umutekano uracungerewe cane, abapolisi n'abasirikare bakaba baje gufasha gusaka abantu baje mw'iyo misa. tuyikesha. bbc gahuza  miryango

No comments:

Post a Comment