Tuesday, 24 November 2015

Indege y'ingwano y'Uburusiya yo mu bwoko Su-24 yarashwe iri mu kirere ca Syria.

Indege y'ingwano y'Uburusiya yo mu bwoko Su-24 yarashwe iri mu kirere ca Syria.
Perezida w'Uburusiya yateye ivyatsi kandi ababaye iraswa na Tuurkiya ry'indege y'intambara y'igihugu ciwe.
Peerzida Vladmir Putin yavuze ko ivyabaye ari nko "gusogota inkota mu mugongo" Uburusiya, ryakozwe n' "abashigikiye abakora iterabwoba".
Avuga ko bizogira inkurikizi zikomeye cane.
Turukiya imenyesha ko indege zayo z'intambara zarashe iyo Uburusiya zimaze kuyigabisha kenhsi ko yavogereye mu kirere ca Turukiya.

Ariko leta ya Moscow ikomeza gushimangira ko iyo ndege yayo itigeze itirigana ngo irengane ikirere ca Syria.
Abadereva bayo baciye bakoroka n'imitaka bamaze kubona iriko iraka, ariko hari amakuru ataremezwa neza yemeza ko boba baciye baraswa n'abitwaje ibirwanisho.
Perezida Obama yavuze ko Turukiya ifise uburenganzira bwo gukingira ikirere zayo, kandi ko ivyabaye vyerekana ikibazo gisanzwe kiri mu bikorwa vya gisirikare Uburusiya burimwo muri Syria.
Yavuze ko bikenewe kumenya neza uko ibintu vyagenze, no gufata ingingo zobuza ko ibintu biyangara.
Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yavuze ko Turkiya ifise uburenganzira bwo gukingira imbbe zayo.
Perezida Erdogan vyari vyitezwe ako atumako inama yihuta y'ingabo ziwe n'abajejwe iperereza.
Hari kandi inama itegenijwe y'urwego rujejwe kwivunira umwanshi hamwe hagati y' ibihugu vya BUlaya na Amerika OTAN, yasabwe na Turukiya, kugirango baganire ku vyabaye.BBC

No comments:

Post a Comment