Wednesday, 16 March 2016

Uruhigi rw'abakora iterabwoba Bruxelles

Ahatewe umukwabu hugawe
 Mu muji wa Bruxelles mu Bubirigi, abapolisi ni benshi mu kibanza carashwemwo inyuma yo kuhatera umukwabu.
Abapolisi batatu bakomeretse gatoyi, muri uwo mukwabu warondera abakora iterabwoba.
Umushikirizamanza mukuru avuga ko uwo mukwabu wari werekeye abakekwako uruhara mu bitero vyagabwe mu muji wa Paris umwaka uheze.
Ivyo bitero vyo mu kwa cumi na rimwe mu Bufaransa, vyahitanye abantu 130.
Abategetsi b'Ubufaransa bavuga ko n'abajejwe umutekano baho bari muri ico gikorwa c'umukwabu c'uyu munsi.
Ababibonye bavuga ko iruhande y'inyubakwa yateweko uwo mukwabu, haciye hacungerwa ubu atawurengana.
Kajugujugu y'igipolisi niyo ihazunguruka, bikavugwa ko hari abantu babiri bariko barahigwa, ubu bihishe.bbc niho ikomoka.

Afurika y’Epfo yatsinzwe urubanza rwo kudata muri yombi Perezida Bashir


Guverinoma ya Afurika y’Epfo yatsinzwe urubanza yarezwemo n’Imiryango iharanira uburenganzira bwa muntu, ishinjwa kunanirwa gukurikiza amategeko ngo ite muri yombi Perezida wa Sudan Omar al-Bashir, ubwo yitabiraga inama y’Abakuru b’Ibihugu bya Afurika yabereye mu mujyi wa Johannesburg, muri Kamena umwaka ushize.
Perezida Bashir w’imyaka 72,ushakishwa n’ Urukiko mpuzamahanga mpanabyaha (ICC) akekwaho ibyaha byibasiye inyokomuntu, itsembatsemba, ibyaha by’intambara n’ibyaha bya Jenoside.
Perezida Bashir yashyiriweho impapuro zo kumuta muri yombi kuwa 4 Werurwe 2009.
Urukiko rukuru rwari rwaremeje ko guverinoma ya Afurika y’Epfo yagombaga kumufata, ariko iza kujuririra Urukiko rw’ Ikirenga rw’Ubujurire, ivuga ko Bashir yari afite ubudahangarwa nk’Umukuru w’Igihugu.
Umuyobozi w’ikigo giharanira uburenganzira bwa muntu n’ikurikizwa ry’amategeko muri Afurika y’Epfo, Kaajal Ramjathan-Keogh yabwiye BBC ko bashimishijwe n’umwanzuro w’urukiko, ngo kuko Afurika y’Epfo itagomba kuba ubuhungiro bw’abanyabyaha.
Ati “Guverinoma ya Afurika y’Epfo ikwiye kubahiriza amategeko aho gukingira ikibaba abakurikiranyweho ibyaha by’intambara, kandi urukiko rwabigaragaje uyu munsi.”
Nyuma yo kwanga guta muri yombi Bashir, bimwe mu bihugu bya Afurika byashimye icyo cyemezo, ndetse byongera gushimangira umugambi wabyo wo kwivana mu masezerano ashyiraho ICC, bakunze gushinja kwibasira abayobozi bo muri Afurika gusa.

Tuesday, 15 March 2016

UBURUSIYA KUVA MURI SIRIYA


 

Ivyo bibaye inyuma y'umunsi umwe gusa perezida Putin atangaje ko bagiye kuvayo kuko ico bashaka nyamukuru bagishitseko.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bumenyesha ko indege ziri muri Syria ziriko zirapakirwa ibikoresho bigiye gusubizwa mu Burusiya.
Bwana Putin yamenyesheje ko isekeza ry'ibitero vyakozwe mu ntumbero yo gushigikira perezida Assad ryatumye ibintu bihinduka ku buryo habonetse akaryo keza ko gutangura ibiganiro vy'amahoro.
Ibihugu vya Bulaya na Amerika ariko vyakiranye ubwitonzi ayo makuru y'Uburusiya yo kuva muri Syria.
Perezida Obama yavuganye na perezida Putin, aho yashimikiye ku kwerekana ko hakenewe ubutegetsi nfatakibanza.
Leta ya Syria irahakana ko hoba hari ico yapfuye na leta y'Uburusiya. BBC NIYO TUYIKESHA

Friday, 4 March 2016

welby UMUKURU WA ANGLICAN ATI impungege kumahoro nibita.

Image result for Welby Image
 
Inyuma y’umubonano na
Prezida Pierre Nkurunziza mu rugendo arimwo mu Burundi, musenyeri mukuru wa Anglican Justin Welby yavuze ko hari icizere kinini, ariko ko hari n’amakenga y’aho ibintu bishobora gushika.
Welby yavuze ko Prezida Nkurunziza yemera ko iki cari igihe co gusubiza hamwe.
Uwo musenyeri yavuze kandi ko inama yari iyo ubutumwa bwiza gusumba politike.
Abantu barahagaristwe umutima n’ibiriko biraba.
“Ibintu vyifashe nabi. Abantu barababaye cane” , uko ni ko musenyeri Justin Welby yavuze.
“Twoba turiko turagana mu ntambara canke n’igihe co kwikubita agashi?” uko ni ko yibajije.
“Hariho icizere gikomeye ariko kandi hari ubwoba bw’iyo bishobora gushika.”

Tuesday, 5 January 2016

IGIKORWA CIBANGA CA FBI

Bwana Obama avuga ko azokongereza igikorwa co gusuzuma abatunze izo nkoho, biboneka ko cagabanije ubugizi bwa nabi.
Muri uwo mugambi wo gusuzuma hazoba harimwo kuraba kahise k'abagura izo nkoho, ko boba barigeze kugira ibibazo vyo mu mutwe.
Yavuze ko abavugira ikwiragizwa ry'inkoho basa n'ababoheye amaboko imugongo inama nshingamteka y'igihugu ciwe.
Ariko ngo ntibakwiye kubohera amaboko imugongo abanyagihugu ba Amerika, aho usanga abicwa n'inkoho bangana n'abicwa n' amasanganya yo mw'ibarabara.
Inyuma y'imyaka yari iheze itegeko ryo kugenzura gutunga inkoho ridashobora guhita mu nama nshingamateka, ubu hagiye kwifashishwa ingingo obamay'umukuru w'igihugu mu kugenzura izo nkoho.
Perezida Obama avugako inigngo ziwe zizoguma kur rugero rw'ivyo arekuriwe na'amategeko.
Image captionUko vyagiye bigenda mw'isuzumwa ry'abashaka gutunga inkoho
Aremeza ko naho zitazoshobora kubuza ivyaha vyose bikorwa muri Amerika, zizogabaniriza umubabaro imiryango idasiba guhekurwa n'inkoho.
Uwiyamamaza ku ruhande rw'aba Republicains, Rand Paul, yavuze ko azorwanya ikoreshwa ry'ububasha perezida Obama ahabawa n'amategeko muri ico gikorwa co kugabanya ikwiragizwa ry'inkoho, abicishije "mu ngumu n'imigere"

Monday, 4 January 2016

Burundi: i Bujumbura harashwe ibisasu 3

Amakuru aturuka mu Burundi aravuga ko hari ibisasu bitatu birashwe rwagati mu mujyi wa Bujumbura ahagana mu masaa tanu za mugatondo.
Ubutegetsi ntiburavuga abantu baguye muri icyo gitero, ibyo cyononnye cyangwa abagiteye abo aribo.
Gusa bimaze kumenyekana ko abantu bagera kuri 3 bakomeretse.
Amafoto agaragara ku mbuga nkoranyambaga arerekana abapolisi n'abasirikare bashyira umuntu mu modoka y'ikamyoneti wakomeretse.
Abanyamakuru bacu bari i Bujumbura bari gukurikirana iyi nkuru, turabagezaho amakuru arambuye mu kanya kari imbere. tuyi kesha BBC

Monday, 21 December 2015

INTEKO Y'UBURUNDI YANZE INGABO Z' AFRICA YUZUBUMWE

http://ichef.bbci.co.uk/news/ws/624/amz/worldservice/live/assets/images/2014/12/03/141203163534_burundi_parliament_512x288_bbc_nocredit.jpg
  Mu nama nshingamateka na nkenguzamateka bazindutse biga ikibazo cirungikwa ry’abasirikare 5,000 mu Burundi, bo gukinga ko hoba genocide.
kumanaUmukuru w’inama nshingamateka, Pascal Nyabenda, yatanguje iyo nama yiyamiriza abantu bamwe bamwe, harimwo n’abanyamahanga ngo bihaye uburenganzira bwo kuza baravugira abarundi.
Avuga ko abafise ubwo burenganzira ari abashingamateka gusa.
Abashingamateka baganiriye ku bibazo bitatu:
-ico kumenya nimba mu Burundi ubu hariko haraba genocide,
-iriko igirwa na bande'
-n’uko muri kino gihe genocide ishoboka mu Burundi

Abashingamateka bashikirije ico bibaza kw’irungikwa ry’inteko mpuzamakungu mu Burundi, n’ico ababaserukira babatumye kuri ico kibazo. Reta ivuga ko ku mitumba 2913, amakaritye 5 gusa ari yo afise umutekano muke.
“ N’aho hoba umutumba umwe uhungabanye, birababaje kuko nta muntu yari akwiye gupfa, reta itegerezwa gukora ibishoboka vyose mu gukingira abanyagihugu,” ivyo bikaba bishikirijwe na Rwasa Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka.
“ Ihonyabwoko mu Burundi ntirishoboka, hariko haraba ubwicanyi ariko bukorwa n’abanyepolitike bamwe bamwe, ijambo ihonyabwoko ni bo baryubatse, ” Everyne Butoyi yatowe muri Bujumbura Rural.
N'ubwo benshi mu nama nshingamteka bemeza ko izo ngabo zidakenewe mu Burundi, abatavuga rumwe na leta y'i Bujumbura bo siko babibona.
Umukuru w'umugambwe Sahwanya Frodebu Leonce Ngendakumana, yemeza ko ari ibigaragara ko inzego zijejwe gucungera umutekano zananiwe.
Yagarutse kw'ikete ryandikiwe ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryavuga ku myiteguro yo guhonya abo bose avuga ko batavuga rumwe na leta, aho ngo hari mu kwezi kwa kane umwaka uheze.
Muri Iryo kete Leonce Ngendakuman avuga ko ryagabisha amakungu kw' itegurwa ryo guhonyanga amasezerano ya Arusha no guha ibirwanisho imbonekure, aho ngo bagabisha amakungu ko bibandanije hashobora kwaduka intambara.
Hari n’abashikirije ko uko gukorana kw’inama nshingamateka na nkenguzamateka bidakurikije amategeko, abandi basaba ko reta yokwumviriza abafise akababakiye bose kugira ubwcanyi buhagarare.
Mu ndwi iheze, akanama kajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bya Afrika UA, kemeje kurungika abasirikare 5,000 mu Burundi, gukinga ko hoba genocide.