Mu nama nshingamateka na
nkenguzamateka bazindutse biga ikibazo cirungikwa ry’abasirikare 5,000
mu Burundi, bo gukinga ko hoba genocide.
kumanaUmukuru w’inama
nshingamateka, Pascal Nyabenda, yatanguje iyo nama yiyamiriza abantu
bamwe bamwe, harimwo n’abanyamahanga ngo bihaye uburenganzira bwo kuza
baravugira abarundi.
Avuga ko abafise ubwo burenganzira ari abashingamateka gusa.
Abashingamateka baganiriye ku bibazo bitatu:
-ico kumenya nimba mu Burundi ubu hariko haraba genocide,
-iriko igirwa na bande'
-n’uko muri kino gihe genocide ishoboka mu Burundi
Abashingamateka bashikirije ico bibaza kw’irungikwa ry’inteko
mpuzamakungu mu Burundi, n’ico ababaserukira babatumye kuri ico kibazo.
Reta ivuga ko ku mitumba 2913, amakaritye 5 gusa ari yo afise umutekano
muke.
“ N’aho hoba umutumba umwe uhungabanye, birababaje kuko nta
muntu yari akwiye gupfa, reta itegerezwa gukora ibishoboka vyose mu
gukingira abanyagihugu,” ivyo bikaba bishikirijwe na Rwasa Agathon,
icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka.
“ Ihonyabwoko mu
Burundi ntirishoboka, hariko haraba ubwicanyi ariko bukorwa
n’abanyepolitike bamwe bamwe, ijambo ihonyabwoko ni bo baryubatse, ”
Everyne Butoyi yatowe muri Bujumbura Rural.
N'ubwo benshi mu nama
nshingamteka bemeza ko izo ngabo zidakenewe mu Burundi, abatavuga rumwe
na leta y'i Bujumbura bo siko babibona.
Umukuru w'umugambwe
Sahwanya Frodebu Leonce Ngendakumana, yemeza ko ari ibigaragara ko
inzego zijejwe gucungera umutekano zananiwe.
Yagarutse kw'ikete
ryandikiwe ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryavuga ku myiteguro yo guhonya
abo bose avuga ko batavuga rumwe na leta, aho ngo hari mu kwezi kwa
kane umwaka uheze.
Muri Iryo kete Leonce Ngendakuman avuga ko
ryagabisha amakungu kw' itegurwa ryo guhonyanga amasezerano ya Arusha no
guha ibirwanisho imbonekure, aho ngo bagabisha amakungu ko bibandanije
hashobora kwaduka intambara.
Hari n’abashikirije ko uko gukorana
kw’inama nshingamateka na nkenguzamateka bidakurikije amategeko, abandi
basaba ko reta yokwumviriza abafise akababakiye bose kugira ubwcanyi
buhagarare.
Mu ndwi iheze, akanama kajejwe amahoro n’umutekano
mw’ishirahamwe ry’ubumwe bya Afrika UA, kemeje kurungika abasirikare
5,000 mu Burundi, gukinga ko hoba genocide.