Tuesday, 5 January 2016

IGIKORWA CIBANGA CA FBI

Bwana Obama avuga ko azokongereza igikorwa co gusuzuma abatunze izo nkoho, biboneka ko cagabanije ubugizi bwa nabi.
Muri uwo mugambi wo gusuzuma hazoba harimwo kuraba kahise k'abagura izo nkoho, ko boba barigeze kugira ibibazo vyo mu mutwe.
Yavuze ko abavugira ikwiragizwa ry'inkoho basa n'ababoheye amaboko imugongo inama nshingamteka y'igihugu ciwe.
Ariko ngo ntibakwiye kubohera amaboko imugongo abanyagihugu ba Amerika, aho usanga abicwa n'inkoho bangana n'abicwa n' amasanganya yo mw'ibarabara.
Inyuma y'imyaka yari iheze itegeko ryo kugenzura gutunga inkoho ridashobora guhita mu nama nshingamateka, ubu hagiye kwifashishwa ingingo obamay'umukuru w'igihugu mu kugenzura izo nkoho.
Perezida Obama avugako inigngo ziwe zizoguma kur rugero rw'ivyo arekuriwe na'amategeko.
Image captionUko vyagiye bigenda mw'isuzumwa ry'abashaka gutunga inkoho
Aremeza ko naho zitazoshobora kubuza ivyaha vyose bikorwa muri Amerika, zizogabaniriza umubabaro imiryango idasiba guhekurwa n'inkoho.
Uwiyamamaza ku ruhande rw'aba Republicains, Rand Paul, yavuze ko azorwanya ikoreshwa ry'ububasha perezida Obama ahabawa n'amategeko muri ico gikorwa co kugabanya ikwiragizwa ry'inkoho, abicishije "mu ngumu n'imigere"

Monday, 4 January 2016

Burundi: i Bujumbura harashwe ibisasu 3

Amakuru aturuka mu Burundi aravuga ko hari ibisasu bitatu birashwe rwagati mu mujyi wa Bujumbura ahagana mu masaa tanu za mugatondo.
Ubutegetsi ntiburavuga abantu baguye muri icyo gitero, ibyo cyononnye cyangwa abagiteye abo aribo.
Gusa bimaze kumenyekana ko abantu bagera kuri 3 bakomeretse.
Amafoto agaragara ku mbuga nkoranyambaga arerekana abapolisi n'abasirikare bashyira umuntu mu modoka y'ikamyoneti wakomeretse.
Abanyamakuru bacu bari i Bujumbura bari gukurikirana iyi nkuru, turabagezaho amakuru arambuye mu kanya kari imbere. tuyi kesha BBC