Tuesday, 8 September 2015

Burundi:Umuvugizi wa UPD-Zigamibanga yishwe

Mu gipolisi bavuga ko yarashwe n'abantu bataramenyekana bamutegereye atashe iwe igihe c'isaha zine z'ijoro.
Umukuru w'uwo mugambwe UPD, Zed Feruzi nawe nyene yishwe arashwe mu kwezi kwa gatanu.
Hari n'ibindi biziga bibiri vyatowe mu gitondo c'uno munsi mu buraruko bw'igisagra ca Bujumbura nk' uko bitangazwa n' igipolisi c'Uburundi.
Kimwe catowe mu ruzi Nyabagere ruca mu ma komine ya Kamenge na Cibitoke, ikindi naco muri komine Cibitoke.
Abantu bakomeje kwicwa abandi baharurwa mu bihumbi barahunze igihugu kuva mu kwezi kwa kane, igihe hatangura imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca perezida Pierre Nkuruniza.

Thursday, 3 September 2015

BGN.Banyamurenge Global Network.

Image result for imurenge
{BGN} Banyamurenge Global Network numu ryango Ukuriye indi miryango yose yabanyamurenge kw'Isi  ndetse ukab' umaze umwaka urengaho gato utangiye ,ukaba ukorera mu
bihugu byose kw'Isi ahari hohose haba hatuye  Umunyamurenge 

Uyumuryango kandi  Ukaba ufite Intego  yoguteza Imbere  Umunyamurenge wese   nakarere   IMURENGE .

Umuryango BANYAMURENGE GLOBAL NETWORK  ukaba   ntaho ubangamiye Mubikorwa byibindi bihungu haba Ibyo mukarere  ndetse  nahandi kw'Isi.  

Kurubu bakaba fitanyije  mugikorwa  co kurenganura  Inzira karengane zaguye mugatumba Mugihugu cy'Uburundi .INKUNGA YAWE IRAKENEWE murakoze!!!!!!!