Mu gipolisi bavuga ko yarashwe n'abantu bataramenyekana bamutegereye atashe iwe igihe c'isaha zine z'ijoro.
Umukuru w'uwo mugambwe UPD, Zed Feruzi nawe nyene yishwe arashwe mu kwezi kwa gatanu.
Hari n'ibindi biziga bibiri vyatowe mu gitondo c'uno munsi mu buraruko bw'igisagra ca Bujumbura nk' uko bitangazwa n' igipolisi c'Uburundi.
Kimwe catowe mu ruzi Nyabagere ruca mu ma komine ya Kamenge na Cibitoke, ikindi naco muri komine Cibitoke.
Abantu bakomeje kwicwa abandi baharurwa mu bihumbi barahunze igihugu kuva mu kwezi kwa kane, igihe hatangura imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca perezida Pierre Nkuruniza.