Tuesday, 15 December 2015

James Duddridge yavuze ko Ubwongereza bwiyemeje gutanga inkunga y'amafranga y'amongereza arenga miriyoni cumi n'imwe n'igice (£11.6)


Ministriri w'Ubwongereza ushinze Africa mu biro by'ubutwererane, James Duddridge, yavuze ko Amahanga akwiye gufatanya mu gihe habaye ibibazo nk'ibiri mu gihugu cy’u Burundi muriki gihe.
Yavuze ko igihugu cye kitakohereza ingabo zo kubungabunga umutekano mu Burundi ngo ahubwo ko yumva umuryango nyafrica (AU) ariwo wakoherezayo abasirikare, mu gihe byakenerwa.
Uyu mu ministiri yavugiraga mu kiganiro n'abanyamakuru i Kampala muri Uganda, aho yatangiriye urugendo mu karere k'ibiyaga bigari mu rwego rw'ibibazo by'umutekano hamwe n'impunzi, n'ukuntu Ubwongereza bwafasha.
Uganda ni kimwe mu bihugu byakiriye impunzi z'Abarundi, kikaba kandi gicumbikiye izindi mpunzi zavuye mu bihugu bituranye cyane cyane Sudani y'epfo hamwe na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.
Bwana Duddridge yavuze ko Ubwongereza bwiyemeje gutanga inkunga y'amafranga y'amongereza arenga miriyoni cumi n'imwe n'igice (£11.6) azahabwa imiryango ya ONU yita ku mbabare nka HCR, PAM hamwe na UNICEF mu rwego rwo gufasha impunzi.
Aya mafranga ngo azakoreshwa mu kubaka amashuri, amavuriro hamwe n'ibindi bikorwa remezo mu nkambi zitandukanye z'impunzi, kugira ngo abana b'impunzi bangana na 57% by'impunzi zose mu gihugu, bashobore kwiga neza kandi bavurwe.

Umubare munini w'impunzi

Uganda ubu imaze icumbikiye impunzi zisaga ibihumbi maganatanu, bukaba ari ubwa mbere icyo gihugu kigize impunzi zingana uko.
Uwushinzwe impunzi muri Uganda, David Kazungu, yabwiye BBC ko Uganda imaze kwakira impunzu z'Abarundi zisaga ibihumbi makumyabiri, kandi ngo biteze kwakira izindi zigera mu bihumbi ijana mu bihe biri imbere.
Ngo hari umugambi wo kuzimura zikava mu nkambi ya Nakivake zikajyanwa mu nkambi ngari ya Kyaka. tuyikesha bb.com

BURUNDI HUMURA!!!!!!!!!!!

buri mwe wese ukunda ushaka amahoro nayashakire ayasabire nabandi nkuko uburundi bukeneye inkunga yuburyo bwose cane yaba seng;Imana 

Thursday, 26 November 2015

ESE KOKO AGATHOS RWASA YABAYTOROTSE UBURUNDI NAWE??????


amakuru akomeje kuvugwa nuko yemeza yuko Agathon Rwasa wari ku isonga kurwanya manda ya gatatu ya Petero Nkurunziza ariko akaza kwigarurirwa n’ubutegetsi yatorotse igihugu ubu akaba abarizwa muri Afurika y’Epfo.
Rwasa uyoboye ishyaka rya FNL, mbere ryitwaga FNL Palipehutu, yifatanyije n’andi mashyaka yo muri opozisiyo nka UPRONA ya Charles Nditije na CNDD ya Leonard Nyangoma banga kwitabira amatora y’ubushize yashubije CNDD-FDD na Petero Nkurunziza ku butegetsi muri Nyakanga uyu mwaka.
Rwasa ariko yaje gutungura benshi aho yemereye umwanya wo kuba Visi Perezida wa kabiri w’inteko nshingamategeko muri ubu butegetsi bwa Nkurunziza yarwanyaga yivuye inyuma yuko bwasubiraho. Bagenzi be muri opozisiyo bakomeje kumufata nk’umugambanyi ariko we ukabona nta kintu bimutwaye !
Amakuru yuko Rwasa yatorotse igihugu ntabwo aramenyekana neza ariko hari ibintu umuntu yashingiraho ahamya yuko ashobora kuba ariyo. Icya mbere n’uko ubu Rwasa ntabwo akiboneka mu Burundi cyanga ngo abe yumvikana. Aracecetse gusa !
Icya kabiri n’uko bizwi yuko Rwasa yari yaragiye muri Afurika y’Epfo mu butumwa bw’akazi. Iminsi yari kumarayo yarashize ariko we akaba ataragaruka.
Ikindi cyiyongera kuri ibyo n’uko byari bimaze iminsi bivugwa yuko Umushinjacyaha Mukuru mu Burundi, Bagorikunda Valentin, yari yarandikiye inteko nshingamategeko ayisaba gukuraho Rwasa ubudahangarwa (immunity) nka Visi Perezida w’inteko ngo abe yakurikiranwa mu nkiko, ngo ubu Bagorikunda akaba yarasohoye manda mpuzamahanga yo guta Rwasa muri yombi. Rwasa ashinjwa kuba yarafashije cyangwa nibura yarishimiye ya kudeta ya pfubye yo guhirika Nkurunziza ku butegetsi ariko urwitwazo rukaba byabindi yuko akiri mu ishyamba yategetse abarwanyi be kwica impunzi z’Abanyamurenge zari mu nkambi ya Gatumba aho abantu bagera kuri 200 bishwe urupfu rubi mu ijoro rimwe !
Abakurikiranira hafi iby’u Burundi bahamya yuko nubwo Rwasa yemeye umwanya muri ubu butegetsi bwa Nkurunzi, butemewe n’Abarundi batari bake ndetse n’amahanga, ariko nawe umbwe ntabwo yabwemeraga. Bamwe bavuga yuko kugira ngo yemere kubujyamo Nkurunziza yabanje kumuha amafaranga y’amarundi angana na miliyari enye yizeye yuko nabujyamo bizasenya opozisiyo. Kandi koko hari ukuntu byayigabanyirije imbaraga ariko ntiyasenyutse.

Rwasa rero aramutse yarahunze igihugu n’izo miliyari enye mu mufuka nta gihombo yaba afite ahubwo bizazahaza ubutegetsi bwa Nkurunziza ariko ntabwo bizazanzamura cyane Rwasa muri politike kuko abo bari bafatanyije muri opozisiyo batazongera kumugirira icyizere kuko babonye yuko nta muntu umurimo !
 TUYAkesha rushyashya.com
 Agathon Rwasa yatorotse u Burundi
Publish Date: jeudi 26 novembre 2015

Papa yahimirije Kenya kuganira hagati y'amadini

Papa Francis yabonanye n'abarongozi b'amadini ya Islam n'ay'Abakristu muri Kenya mu rugendo rwa mbere agize muri Afrika.
Muri uwo mubonano, Papa yavuze ko ibiganiro hagati y'amadini atandukanye bigoye ngo ariko ni ivya nkenerwa.
Afatiye ku bitero vyahitanye benshi vyagabwe n'abarwanyi ba ki Islam kw'isoko rya kijambere rya Westgate na kaminuza ya Garrisa, yavuze ko izina ry'Imana ritagomga gukoreshwa mu mvo z'ubwicanyi.
Hagati aho hariko haraba inkuka y'imisa isomwa na Papa Francis kuri kaminuza ya Nairobi.
Umutekano uracungerewe cane, abapolisi n'abasirikare bakaba baje gufasha gusaka abantu baje mw'iyo misa. tuyikesha. bbc gahuza  miryango

Tuesday, 24 November 2015

twikundire iwacu IMURENGE

Image result for imisozi imurenge
Ntakintu Nakimwe gishobora gukuraho cg kwangiza Izina IMURENGE ' abenshi babuze ubuzima bwabo kubwiryozina hari nabandi baza bubura ariko ntakizahinduka ;
Bisigurako nubwo Bonyura mukuzimu no mubihuru ntambaraga zokuhasheganya zokuha hangisha Invukire zaho nkuko ubuki bwaho ntahandi buboneka .

Ukobukeye nuko bwije Abaho barahi nduka MUBYIZA, Naho ha karushaho kubaheza muzaze IMURENGE mwirebere .
Amavuriro arikwitabwahoo amasomoyo zakaminuza kozirazamuka umunsi kuwundi Ibarabara ririhafi kubaneza Umutekano urahari kubanabaho batagira IMBEHO  kumunwa no munda 

ntaho bagiye, Abagiye  bari mumahanga benshi bavugako inzozi zabo arukubaka IMURENGE bakanataha nkuko bamwe batangiye kubikora. 

Ntanzira nimwe yumugambi mubi ishobora gufunguka ninyishi zatsindiwe mumaso yabasokuru badata  nabandi bariho kurubu.  nabazaza  ntawe uzababuza kugera kuntego, murakoze mukunde IMURENGE nkuko haratu byahe haraturera niheza ntamakemwa .

Indege y'ingwano y'Uburusiya yo mu bwoko Su-24 yarashwe iri mu kirere ca Syria.

Indege y'ingwano y'Uburusiya yo mu bwoko Su-24 yarashwe iri mu kirere ca Syria.
Perezida w'Uburusiya yateye ivyatsi kandi ababaye iraswa na Tuurkiya ry'indege y'intambara y'igihugu ciwe.
Peerzida Vladmir Putin yavuze ko ivyabaye ari nko "gusogota inkota mu mugongo" Uburusiya, ryakozwe n' "abashigikiye abakora iterabwoba".
Avuga ko bizogira inkurikizi zikomeye cane.
Turukiya imenyesha ko indege zayo z'intambara zarashe iyo Uburusiya zimaze kuyigabisha kenhsi ko yavogereye mu kirere ca Turukiya.

Ariko leta ya Moscow ikomeza gushimangira ko iyo ndege yayo itigeze itirigana ngo irengane ikirere ca Syria.
Abadereva bayo baciye bakoroka n'imitaka bamaze kubona iriko iraka, ariko hari amakuru ataremezwa neza yemeza ko boba baciye baraswa n'abitwaje ibirwanisho.
Perezida Obama yavuze ko Turukiya ifise uburenganzira bwo gukingira ikirere zayo, kandi ko ivyabaye vyerekana ikibazo gisanzwe kiri mu bikorwa vya gisirikare Uburusiya burimwo muri Syria.
Yavuze ko bikenewe kumenya neza uko ibintu vyagenze, no gufata ingingo zobuza ko ibintu biyangara.
Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yavuze ko Turkiya ifise uburenganzira bwo gukingira imbbe zayo.
Perezida Erdogan vyari vyitezwe ako atumako inama yihuta y'ingabo ziwe n'abajejwe iperereza.
Hari kandi inama itegenijwe y'urwego rujejwe kwivunira umwanshi hamwe hagati y' ibihugu vya BUlaya na Amerika OTAN, yasabwe na Turukiya, kugirango baganire ku vyabaye.BBC

Tuesday, 13 October 2015

MURATUMIWE ABARI KIGALI MUGITERANE CYUMURIRO

Lord's Light Fellowship(LLF) ibatumiye mu giterane cy ivugabutumwa kizaba kuva ku wa 16-18/10/2015 kuri THE MIRROR HOTEL ku gisimenti.
Amasaha: kuwa gatanu(Friday) no kuwa gatandatu(Saturday) ni ukuva saa kumi kugera saa mbili(04pm-08pm) naho ku cyumweru(Sunday) ni ukuva saa cyenda kugera saa mbili(03pm-08pm)
Tuzaba turi kumwe na Pastor SUNZU PAUL kuva (DRC)na HABYARIMANA DESIRE (ADEPR) 
Mutumire nabandi.
Kuza kwanyu ni inkunga ikomeye.
Amahoro y'Umwami abuzure.